homepagekirundikirundi_Sports

Uburundi bwungutse ibibanza bine ku rutonde rwa FIFA

Nk’uko bizwi ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA buri kwezi ryama risohora urutonde rw’ukungene imigwi nserukirabihugu yama igenda isumbasumbana ibibanza. Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 19 Nyakanga umwaka wa 2019, iryo shirahamwe ryashize ahabona ingene imigwi yagiye irasumbasumbanya ibibanza mu kwezi kwa Myandagaro uwu mwaka. Uburundi bukaba bwungutse ibibanza 4 bufata ikibanza ca 144 mugihe mu kwezi kwa ruheshi bwari bwafashe ikibanza ca 148.

Ibindi bihugu dusangire akarere ka CECAFA navyo nka Uganda yafashe ikibanza ca 80 , Kenya ifata ikibanza ca 107, Urwanda bufata ikibanza ca 130 nayo Tanzania ifata ikibanza ca 135.

Kw’isi yose igihugu gifata ikibanza ca mbere akaba ari Ububirigi bugakurikirwa n’Ubufaransa hamwe na Brezil.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 690