5.5 C
New York
Saturday, October 23, 2021
HomehomepageBimenyimana Robert yatanze imihoho muri Inter Star

Bimenyimana Robert yatanze imihoho muri Inter Star

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 20 Nyakanga umwaka wa 2019, niho ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye haguma hakwiragizwa ubutumwa bwanditswe n’umumenyereza mukuru w’umugwi Inter star Bimenyimana Robert y’uko yatanze imihoho.

Indundi Sports imaze kwumva ayo makuru yarondeye Bimenyimana Robert kugira atange umuco ukwiye kuri ubwo butumwa nawe akaba atahigimanze kwemeza y’uko ayo makuru ariyo ko ariwe koko yanditse ubwo butumwa.

Akaba yanditse mu giswahiri ati : “Mimi coach Robert BIMENYIMANA, nilishimamishaga mazowezi depuis le 16septembre après la victoire ya AIGLES NOIR, nilikua nadayi mushahala na prime zangu, ila nikaona sijibiwi vizuli na manager président wa inter star, njo nikaamua kushimamisha mazowezi. Week yote inakwisha bila siyendi kwenye mazowezi”.

Bimenyimana Robert akaba aheraniwe umushahara w’amezi abiri, buri kwezi akaba yategerezwa guhembwa ibihumbi amajana ane 400.000fb bisigura ko aheraniwe ibihumbi amajana umunani 800.000fb vy’amezi abiri.

Bimenyimana akaba yari afitaniye amasezerano n’umugwi Inter star yo kuwumenereza mu kiringo kingana n’umwaka umwe, mu nkino zitanu amaze gukina za Primus league amaze gutsinda urukino rumwe anganya inkino zibiri atsindwa inkino zibiri.

Mukamenya y’uko umugwi Inter Star ko ariwo mugwi wa mbere udakunda kurambana abamenyereza.

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Abarundi 4 bazohagarikira urukino rwa CAF Confederation...

0
  Abahagarikizi mpuzamakungu b’abarundi babandanya bizerwa na CAF kugira bazohore bahagarikira inkino za CAF Champions League canke CAF Confederation Cup. Kuri uyu wa kane igenekerezo rya...