5.5 C
New York
Friday, September 24, 2021
HomehomepageEliminatoires CHAN2020 : Intamba mu rugamba zasezerewe mu mahiganwa zinyagiwe n'Ubuganda

Eliminatoires CHAN2020 : Intamba mu rugamba zasezerewe mu mahiganwa zinyagiwe n’Ubuganda

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Nyakanga umwaka w’2019 igihe c’isaha icenda 15h00 ku kibuga c’intwari, umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba wari waramutse wakira umugwi w’Ubuganda Uganda cranes mu nkino zo kurondera itike yo kwitabira inkino za CHAN 2020 zikina abakinyi bakina mu bihugu iwabo zizobera muri Cameroun.

Urwo rukino rukaba rwarangiye Intamba mu rugamba zinyagiwe ibitsindo 3-0 n’Ubuganda ivyatumye zinarasezererwa muri izo nkino.

Ibitsindo vya Uganda cranes bikaba vyinjijwe na Vinanney Ssekajugo , Muzamiru Mutyaba hamwe na Mustapha Kizza.

Mukamenya y’uko urukino rwo gusubiriza ruzoba hagati y’igenekerezo rya 18 na 20 gitugutu umwaka wa 2019 mu Buganda.

- Advertisment -

Must Read

Amb. Willy Nyamitwe yifurijwe isabukuru Nziza n’abamenyeshamakuru batari bake

0
Ubutumwa bwipfuriza isabukuru Nziza Amb. Willy Nyamitwe buvuye hirya no hino, mbere no hanze y'igihugu, bukaba aribwo bwagumye bucanacanako ku mbuga ngurukamabumenyi Zitandukanye ku...