Burundihomepagekirundisocieteyouth

|Leadership| Ijambo “ukurongora” rikoreshwa mu kirundi ubwo ryoba rivurwa neza ?

Ku nzira ija ku ku masonga ni ukwinengesera

Uko rero imyaka igenda irongerekana niko ibintu bitari bike bigenda biratituka. Umwanya,  rimwe na rimwe,  rero uraheza ukamera kurya kw’ima rijojotera ku rutare rigateba rikarubozora rikazoteba rikasuga ku gasya! N’uko nyene biboneka ko n’akaranga kagenda karatituka, kakagenda karafatwa mpiri na bimwe twihenda tuavyita  “ugusirimuka”  kugenda kurasibanganya akaranga ku rugero rw’uko tuzohereza kuba tutakimenya n’ico tukiri muri kameremere kacu ndundi, hamwe mbere n’uwuzoheza agaca akagani ati “uguta akaranga niko guta akabanga” atazofatwa nk’uwusakuje.

Mu kiringo rero tutararonka umuhinga ngo adusobanurire ibijanye n’ijambo “ukurongora” , rikoreshwa mu kuvuga ko umuntu ashinze urwiwe,  umuntu ntiyobura n’ukuba aribaza ko tutoba turivuga kumbure uko ritategerezwa kuvugwa.  Bamwe mu bo tumaze kuganira n’aho atari abahinga ruhebwa, twarahurije k’ukwibaza ko nyabuna iryo jambo ryoba rifitaniye isano n’ukurongora bwa murongozi canke umutware.

Tukibifashe uko nyene, umuheza yoheza agaca atahura ubwenge ( sagesse) bw’abasokuru ku ruhara boba baraha Se rugo aho vyoba vyaca biza nkivyerekana ko baba bamwibukije ko ari umurongozi ( Leader). Kandi rero mu kiringo ata muhinga yabizobereye yoza adusigurira ibindi, ivyo vyoheza bigaca bifita intumbero itomoye na narirya rija gususa n’ijambo ” Umugabo” umunto yumvamwo ”ukugaba”

Mu kiringo vy’ukuri tutoba turivuga nk’uko bitegerejwe vyoheza bikihutirwa gukosorwa na nariya uburyo ijambo rivurwa ari nabwo buritera kugira insiguro rihawe. Insiguro nayo ijambo rihawe riraheza rikagira inkurikizi zikomeye mbere mu mibereho y’umuntu.

Mu gitabo canditswe citwa ” AWAKEN THE GIANT WITHIN” canditswe n’uwitwa ANTHONY ROBBINS , mu kigabane ca 10, arerekana inguvu ukuntu twita ibintu gufise. Mu majambo make arerekana ko iyo twise ikintu maze uko tucise kigaca gifitanira kigira urufatangane ruvyura ibindi bishobisho, ngo birashobora gutuma iryo jambo rija ridutera uguhinduka rihereye na cane cane mu guhindura uko tubona ibintu nayo akaba ariyo nyendamuvano y’uguhindura n’inyifato zacu.

Mu kiringo rero umusore w’umukangara wese yoheza akama azirikana ko mukiringo agiye kwubaka urwiwe agiye nyabuna kuba umurongozi( Umutware nk’uko mu rurimi rw’uruganda babita) maze umwigeme nawe agiye kwubaka akagenda azi ko agiye kurongorwa, ntivyoheza ngo bibure ingaruka ikomeye kumbure mu kazoza k’urugo.

Mu kiringo rero ibintu vyoba biri uko nyene, umusore nyabuna yohejeje akama azirikana na ntaryo agiye kugira imyitwarariko( responabilités) hama nya nkumi nayo ikagenda izi ko igiye gufasha umurongozi mu kuyobora igihugu ( Ururwo) neza.

Kumbure yamara abasokuru boba bahavuye babihindura mu Nyuma kuko ubutware n’uburongoze vyari bifise abavyitwa kuva kera mu ntwaro. Yamara nyene n’iryo jambo ugutwara nyene ryarakoreshwa mu bijanye n’ukubaka aho wumva ngo ” umukobwa wa naka yatwawe n’umuhungu wa naka”!

Uko biri kwose, kwaba ugutwara bijanye n’intwaro ku rugero urwarirwo rwose, inyifato ngenderwako ni zimwe. Ubutware nk’uko abahinga babivuga, buhera ku rugero rwa muntu ubwiwe. Uwudashoboye kwitara ,ntazotwara urugo. Uwudashoboye urugo kenshi bizomugora gutwara abandi. Vyose ni urufatangane na nariya mu buryo bw’impwemu nyene vyose ari urufatangane. Ibiboneka ni isanamu ry’ibitaboneka. Kandi uburyo bwonyene bw’uguhinduka ibonekeza ni uguhera nyabuna ku bitiboneka. Hama umaze guca urwevu, uzoheza ubone ibitaboneka ufatiye ku biboneka( la loi des correspondances).

Natwasanga koko iri jambo rivugwa koko uko turikoresha uno musi, abahinga bazoheza baduhe insiguro rero ya nya ryayo.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 589