5.5 C
New York
Sunday, April 18, 2021
Home homepage Urutonde rw'abakinyi 18 b'intamba mu rugamba baza kwerekereza mu Buganda

Urutonde rw’abakinyi 18 b’intamba mu rugamba baza kwerekereza mu Buganda

Umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba y’abakinyi bakina hano iwacu Joslin Bipfubusa yashize ahabona urutonde rw’abakinyi 18 b’intamba mu rugamba z’abakinyi bakina hano iwacu ruza kwerekereza mu Buganda mu ntumbero yo gukina urukino rwo gusubiriza n’Ubuganda ruha uburengenzira bwo kwitabira inkino za nyuma za CHAN2020 izobera muri Cameroun.

Aba nibo bakinyi 18 baza gufata urugendo :

1. Rukundo Onésime
2. Rugerinyange Joseph
3. Ndizeye Eric
4. Harerimana Emmanuel
5. Amin Abdoul
6. Ndikumana Faustin
7. Ngabonzinza Blanchard
8. Ndikumana Asman
9. Urasenga Cédrick Danny
10. Bigirimana Abedi
11. Gasongo Benjamin
12. Masudi Narcisse
13. Museremu Iddy
14. Vyamungu Raoul
15. Ndikumana Landry
16. Mavugo Cédric
17. Bayizere Olivier
18. Ndayishimiye Youssouf

Staff :

1)Umumenyereza Mukuru : ( Joslin Bipfubusa )
2) Icegera ciwe : (Ndayizeye Jimmy )
3) Umumenyereza w’abanyegori ( Amidou Hassan )

Abaherekeje umugwi:

1)Uwuserukira Ubushikirangaji : Ndayishimiye Claver

2) Umuganga : Ciza Patience

3) Umumenyeshamakuru: Mahoro Nadège

Urwo rukino rukaba rutegekenijwe kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 19 Gitugutu 2019 igihe c’isaha icenda 15h00 mu gihugu c’Ubuganda .

Mukamenya y’uko mu rukino rwa mbere rwabereye ngaha i Bujumbura, Ubuganda bwatsinze intamba mu rugamba ibitsindo 3-0.

Must Read

Ibibanza bizokwimurirwamwo abatewe n’amazi mu Gatumba vyamaze kuboneka

0
Urwego rw’igihugu rujejwe gukinga impanuka rufadikanije n’ubuyobozi bukuru bujejwe gutunganya ibisagara rumenyesha ko ibibanza vyo kwubakamwo amazu bigera kw'ijana na mirongo itanu bimaze gutegekanywa,...