5.5 C
New York
Thursday, April 15, 2021
Home homepage Urwanda rwapfunze umukinyi w'umurundi

Urwanda rwapfunze umukinyi w’umurundi

Igenekerezo rya 04 Gitugutu umwaka wa 2019 isaha zitandatu z’umurango (12h00) ku Kanyari ago Uburundi buhanira urubibe n’Urwanda niho umukinyi w’Umurundi Nduwimana André yafatwa n’igiporisi c’Urwanda.

Ku makuru twakuye kuri Radio 10 yo mu gihugu c’Urwanda n’uko igihe immigration yo mu gihugu c’Urwanda yari yasavye y’uko umukinyi wese afise indangamuntu y’ico gihugu adafitiye ivyemezo nyavyo vyerekena y’uko yoba afise abavyeyi b’abanyarwanda yasabwa y’uko yogarukana iyo ndagamuntu mbere akanisigura n’ingene yayironse .

Nduwimana André batazira Tokoto amaze kwumva y’uko bariko bahamagara abakinyi bakoresha indengamuntu bidaciye mu mategeko uyo mukinyi yaciye afata imodoka yisubirira i Burundi adatanze iyo ndagamuntu mbere aranavuga y’uko adashobora gusubiza iyo ndangamuntu ahubwo bamubwire ingene yoyibarungikira kuri volcano beneyo bace bayifata asubira avuga y’uko adashobora kugaruka mu gihugu c’Urwanda .

Haciye imisi mike umugwi Mukura Vs yari asanzwe akinamwo watanze itangazo rivuga y’uko umukinyi wese aheraniwe ibirarane vy’amafaranga y’imishahara n’uyo mugwi ko yoza kuyatora. André amaze kwumva uko yaciye afata inzira yerekeza mu Rwanda adatwaye indangamuntu yo mu Rwanda akoresha ivyangombwa vyo mu Burundi afata iyihuta gushika i Kanyaru abajejwe kuraba ivyangombwa vyo mu Rwanda bagiye kwandika ibirumuranga mw’imashine baca babona y’uko André Tokoto ariko araronderwa niho inzego z’umutekano guca zimufata zimutegeka y’uko yotuma umuntu mu Burundi kumuzanira indagamuntu yiwe yo mu Rwanda yasize mu Burundi niho guca imushikira.

Bikavugwa y’uko Nduwimana André Tokoto apfungiwe mu gisagara ca Kigali ahantu inzego z’ico gihugu zanse kuvuga.

Nduwimana André akaba yarakiniye imigwi ya hano iwacu nka Athletico Olympic, Vital’O fc hamwe na Royal Fc y’i Muramvya akaba yarigeze no gukinira umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba .

Si Nduwimana andré wenyene azopfungwa harimwo n’abandi bakinyi b’abarundi bagiye gufatwa kugira bashirwe mu mvuto ndetse n’abashoboye kuzibaronderera bidaciye mu mategeko

Twobibutsa y’uko abakanyi 30 bose b’abarundi nibo bakoresha indangamuntu z’Urwanda batabifiye uruhusha harimwo n’umusatirizi mwiza wo mu gihugu c’Urwanda umwaka uheze yakinira Rayon Sports uyo nawe akaba ari umukinyi w’intamba mu rugamba Jules Ulimwengu.

Must Read

Différentes vertus du psaume 07

0
  Pour demander que les blocages au progrès  soient supprimés Une prière pour la protection et la justice de Dieu Faire face à des gens méchants et...