Kuva igenekerezo rya 08 Nyakanga umwaka wa 2019, igihe haba urukino rwo gukurakuranamwo rwo kurondera kuja mu matsinda aha ubugenzanira bwo kwitabira igikombe c’isi kiziba muri Qatar mu mwaka wa 2020 , aho Uburundi bwasezerewe na Tanzania kuma penariti 3-0, umunyegori w’intamba mu rugamba Nahimana Jonathan ntarasubira kugaragara mu kibuga mu mugwi wiwe wa KMC ukina mu cicaro ca mbere muri Tanzania.
Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 24 Gitugutu 2019 , Indundi Sports yashoboye kurondera uwo munyegori w’intamba mu rugamba Nahimana Jonathan kugira ashobote guvuga impamvu iriko ituma atagaragara mu kibuga.
Nahimana Jonathan akaba yabwiye Indundi Sports y’uko yari afitaniye ingorane n’umugwi KMC kubijanye n’amahera yiwe ya Recrutement batari bwamuhe yose.
Akaba yishuye ati : “Nari mfitaniye ikibazo na KMC ariko ubu nyene niho nkishika i Dar es Salaam kuko bamaze kunyishura amfaranga yanje niyo mpamvu nasubiyeyo”.
Abajijwe ikibazo c’uko yoba yari amaze imisi arwaye bishobora kuba biri muvyatumye atagaragara mu kibuga Jonathan akaba yishuye ati ” nivyo narigeze kugwara ariko maze igihe kirekire nakize kandi nahora nkora imyimenyerezo ya jenyene kugira ngume meze neza”.
Nahimana Jonathan akaba yemeye y’uko agiye gusubira kugaragara mu kibuga mu mugwi wa KMC nk’uko vyahora.