homepagekirundi

Ibintu 5 bikuru bikuru umuririmvyi WAWA bimugora yipfuza ko yokorerwa n’uwipfuza kumufata mu mugongo

Inyuma y‘ igihe kinini cane higaragaza ko abaririmvyi bakora umudiho wa RAP bacidogera abasanzwe bajejwe guteza imbere umuziki co kimwe n’amashirahamwe asanzwe atunganya ibiteramo ko boba batabaha akanya ko kugira bamenyekanishe ibikorwa vyabo ndetse banabigeze kure mukuboneka cane kumasamirizi, imboneshakure ndetse no mu biteramo bigiye bitandukanye.

Inyuma y’izo nduru zagiye ziravugwa aha na hariya harabaye ibura mu muziki ry’abaririmvyi bagiye batandukanye, ariko mur’iryo bura ry’abo bakora uwo mudiho, uyu musi twashimye kuyaga ku muririmvyi Vg Man Wawa.

Uti mbega Wawa n’inde?

Wawa n’umuririmvyi akora umudiho wa RAP yamenyekanye nk’umwanditsi mwiza bivuye kubw’ubutumwa yaririmba mu ndirimbo ziwe, ni Wawa yamenyekanye ku ndirimbo zitandukanye nka Uruwahe, So Hard ari kumwe na Big Fizzo n’izindi zigiye zitandukanye tutirengagije Musirikare abifashijwe n’umuririmvyi ariko akora neza muri kino gihe ndetse n’ico gihe yariko avyifatamwo neza ariwe Sat-b.

Ni Wawa inyuma yo gukorana na Sat-b atigeze asubira kugaragara cane aho we atabihakana ariko akagira ati:

“Bimwe muvyo novuga ko vyantwaye bikanatuma nibagiranwa cane harabayeho ihindagurika ry’ibihe aho novuga nka 2015 ivyabaye ntawutabonye ko abaririmvyi benshi bahavuye mbere na bamwe baheba kuririmba ariko nifatiyeko nka Wawa Harabayeho ukubura kw’abamenyeshamakuru badufasha ico gihe bivanye n’uko bamwe bavuye mugihugu mukuja guhiga ubuzima mubindi bihugu vyo vyaciye bituma bashasha bagiye mur’ivyo bibanza batadutahura bituma dusa nk’abatanguye umuziki gushasha”.

Wawa yabandanije atuyagira aho yasubije kukibazo c’uko nawe atigeze abonnera kundirimbo nshasha nkuko yabivuze ngo yatanguye gushasha

Wawa ngo:

“Ukubura uburyo navyo vyarafashe ikibanza kuri jewe kuko ntigeze ngira inguvu kandi zo kugira mpababukire Umuziki nk’uko vyahoze ariko nyene nkuko mubizi impano ntanahamwe umuntu yoyihungira narakora mukwandika indirimbo zigiye zitandukanye ariko nkazandikira abandi baririmvyi kandi z’abaririmvyi yemeza ubwiwe bafise amazina nazo zafashe ikibanza gishimishije”.

Wawa naho atashimye gushira kumugaragaro amazina y’abo amaze kwandikira nk’uko bimaze kuvugwa kenshi yaseruye avuga ko akeneye abomushigikira murugendo rwiwe kuko atipfuza gusubir’inyuma ahubwo yipfuza gukora umuziki akanandika neza kuko bisanzwe ariyo mpano yiwe.

Wawa abajijwe ibintu bitanu yosaba uwoza kumushigikira kanatsinda bisanzwe binamugora ni Wawa atarya umunwa yagize ati:

Muvyukuri uwoshaka kumfansha yokwibangikanya ibi kandi akabifata nkanka akumva ko vyongirira akamaro mu rugendo rwanje:

0. *ukorerwa vidéo* kuko abenshi basa n’abijukiye gukora amasanamu kanatsinda Umuziki kw’isi yose habuze vidéo bawufata nk’uwutabaho

0. *Promotion* ku masamirizi ndetse no kumbuga ngurukana bumenyi zigiye zitandukanye Umuririmvyi abwirizwa kuba yokoresha.
0. *Marketing na Collabo* zo mufasha kwagura akarere k’umuziki wiwe haba mu gihugu canke hanze y’igihugu

0. *Impanuro* kuko atampanuro Umuririmvyi ataho yoshika canke ngo we abashe kwishikana

0. *Show Busy* aho Wawa yashimikiye ku kuntu Umuririmvyi aboneka mu bantu canke munyambaro.

Aho mwomenya ko Wawa yashikirije ivyo inyuma yo gusohora indirimbo yiwe yise *ISOMERO* aho yakoze amasanamu ikintu gifata ikibanza ca mbere mukugora uwo muririmvyi akanasaba ko mwotangura gukurikirana urubuga rwiwe rushasha rwa Youtube kuko yemeza ko agiye gukora ibishoboka mukugira ngo aze yame abahereza bishasha kandi bimeze neza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 579