5.5 C
New York
Saturday, October 23, 2021
HomehomepagePrimus ligue : Uko imigwi igiye guhura ku ndwi ya 11

Primus ligue : Uko imigwi igiye guhura ku ndwi ya 11

Kuva kw’igenekerezo rya 26 gushika kurya 27 Gitugutu ihiganwa rya Primus ligue Burundi rizobandanya ku ndwi yaryo igira icumi na rimwe.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 26 Gitugutu 2019 :

– Ku kibuga c’intwari isaha indwi n’igice 13h30, umugwi Inter Star uzokwakira Les lierres

– Ku kibuga c’intwari isaha icumi 16h00 Rukinzo fc izokwakira Ngozi city

– Ku kibuga c’Umuco kiri i Muyinga isaha icenda 15h00 Olympic Star izokwakira Athletico Academy

– Ku kibuga c’Urukundi i Ngozi isaha icenda 15h00, Kayanza United izokwakira Aigle Noir Makamba

– Ku kibuga c’ingoma i Gitega isaha icenda, Musongati Fc izokwakira B S Dynamic

Kuw’Imana igenekerezo rya 27 Gitugutu 2019:

– Ku kibuga c’intwari isaha indwi n’igice 13h30 Bumamuru Fc izokwakira Vital’o Fc

– Isaha icumi ku kibuga c’intwari, LLBS4A izokwakira Flambeau du Centre

– Ku kibuga c’Urukundo isaha icenda 15h00 Messager Ngozi izokwakira Buja city

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Abarundi 4 bazohagarikira urukino rwa CAF Confederation...

0
  Abahagarikizi mpuzamakungu b’abarundi babandanya bizerwa na CAF kugira bazohore bahagarikira inkino za CAF Champions League canke CAF Confederation Cup. Kuri uyu wa kane igenekerezo rya...