Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 25 Gitugutu umwaka wa 2019, niho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Tanzania TFF ryaha amasezerano yo kumenyereza umugwi nserukira gihugu wa Tanzania Taifa Star umumenyereza w’umurundi Ndayiragije Etienne.
Etienne Ndayiragije akaba yahawe amasezerano y’umwaka amenyereza uyo mugwi nserukira gihugu wa Tanzania Taifa Stars bivanye n’uko igihe bari bamushizeho nk’umumenyereza w’imfata kibanza yashoboye kubashikana mu nkino za nyuma za CHAN 2021 zizobera muri Cameroun aranafasha umugwi nserukira gihugu wa Tanzania w’abakina hanze kuwushikana mu matsinda y’inkino zo kurondera itike yo gukina igikombe c’isi kizobera muri Qatar mu mwaka wa 2022 abanje gutsinda igihugu ciwe c’amavukiro kuu mapenariti 3-0.
Etienne Ndayiragije abaka aciye aba umurundi wa mberere amenyereza umugwi nserukira gihugu wa Tanzania canke uwariwo wose kuvaho Uburundi bwikukiye .
Mu ndwi iheze niho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Tanzania TFF ryasaba umugwi Azam Fc uyo umurundi yari asanzwe ari umumenyereza mukuru wayo y’uko bobafasha bakamurekura maze agahabwa amasezerano yo kumenyereza Taifa Star, Azam Fc nawo wahavuye uravyemera ubona kumusubiriza n’uwundi mumenyereza.
Etienne Ndayiragije akaba yaramenyereje imugwi ya hano iwacu nka Les Guepiers du lac, Tanganyika Fc, LLBS4A, Vital’O Fc, muri Tanzania akaba yaramenyereje nka Mbao Fc, KMC Fc, Azam Fc muri kino gihe akaba agiye kuba umumenyereza wa Taifa Star.