5.5 C
New York
Wednesday, January 27, 2021
Home homepage Arakaza Mac Arthur yatowe nk'umukinyi mwiza yaranze urukino rwabahuje na Red Arrows

Arakaza Mac Arthur yatowe nk’umukinyi mwiza yaranze urukino rwabahuje na Red Arrows

Kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 27 Gitugutu 2019, niho umugwi Lusaka Dinamos ukinamwo umunyegori w’intamba mu rugamba Arakaza Mac Arthur wari wahuye n’umugwi wa Red Arrows mu rukino rw’umusi w’indwi mw’ihiganwa ryo mu cicaro cambere mu gihugu ca Zambia aho iyo migwi yose yanganije igitsindo 1-1.

Arakaza Mac Arthur akaba yarakinye urukino rwose mbere aranakura n’imipira ikomakomeye yagiye irategwa n’abakinyi ba Red Arrows mw’igori ivyatumye abakunzi n’umugwi Lusaka Dynamos bamutora nk’umukinyi yavyitwayemwo neza kurusha abandi muri urwo rukino.

Amadorari 50 y’amafaranga y’abamanyamerica niyo abakunzi b’umugwi wa Lusaka Dynamos batororokanije baha uyo munyegori bivanye n’ingene yabashimishije.

Mukamenya y’uko Lusaka Dynamos iri mu kibanza ca 13 mw’ihiganwa ryo muri Zambia n’amanota umunani (8).

Must Read

Olegue ngo nibamushigikire nkuko babikora ku banyamahanga

0
  Abantu ngo nibareke gufatira mu rwara Olegue, ahubwo bamushigikire. Ivyo n'ibiheruka gushikiriza n'umwe mu banyamideri b'abarundi bakomeye basanzwe bakorera mu gihugu c'Urwanda. Ku rubuga rwiwe...