5.5 C
New York
Friday, January 22, 2021
Home homepage Vital'o Fc yaraye inyagiwe na Bumamuru Fc ibitsindo 5-2

Vital’o Fc yaraye inyagiwe na Bumamuru Fc ibitsindo 5-2

Kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 27 Gitugutu 2019 isaha indwi n’igice ku kibuga c’intwari kiri i Bujumbura niho umugwi Vital’o Fc wari wakiriye umugwi Bumamuru Fc mu rukino rw’indwi ya 11 y’ihigamwa ryo mu cicaro cambere mu Burundi Primus ligue .

Ku munota wa 8 wo mu ntango y’urukino umukinyi wa Vital’o Fc waronse igitsindo c’urukino gitsinzwe na Moussa , Bumamuru yaragerageje kurondera igitsindo co kugombora ariko biranka igice ca mbere kirangira Vital’o Fc iri kw’isonga ry’igitsindo 1-0 bwa Bumamuru Fc.

Binjiye mu gice ca kabiri Vital’o Fc yaje n’ishaka ryo kurondera igitsindo ca kabiri gushika aho Papa Claude akorerwa ikosa muri Surface Vital’o ironka penariti yiinjizwa na kizigenza Djuma Nzeyimana ibitsindo biba 2-0 .

Bumamuru ntiyacitse intege yararondeye igitsindo gushikaho irakironka ku munota wa 55 gitsinzwe n’uwo bita Messi haciye akanya Raoul Byamungu yinjiza ica kabiri biba 2-2. Impinduka umumenyereza wa Bumamuru Fc yakoze yinjiza uwitwa Eddy Nimubona haciye akanya gato nko ku munota wa 79 uyo Eddy nyene yaciye atsindira igitsindo ca 3 umugwi Bumamuru Fc , Raoul asubira yinjiza ica 4 ku munota wa 85 ica gatanu cinjizwa n’uwitwa Kala Omar iminota 90 ica irangira Bumamuru inyagiye Vital’o Fc ibitsindo 5-2.

Vital’o Fc ikaba yari yakinye urwo rukino idafise kizigenza wabo ariwe Dusabe Olivier bivugwa y’uko yoba ari mu bihano .

Mukamenya y’uko Vital’o yaciye irara mu kibanza ca 6 n’amanota 16 n’urukino rumwe rw’ikirarane utarakina.

Must Read

Dj Bisoso yikuye mw’ihiganwa ry’ikiganiro the Choice yohuriyemwo na DJ Ira...

0
  Ikiganiro The choice gica ku mboneshakure Isibo  yo mu gihugu kibanyi c’Urwanda iriko irategura gutanga ubushimwe mu mice itandukanye y’ubuzima bw’umuziki muri ico gihuguc’Urwanda....