5.5 C
New York
Friday, April 16, 2021
Home homepage Mike Trésor yaraye atsindiye Hatrick umugwi Willem II

Mike Trésor yaraye atsindiye Hatrick umugwi Willem II

Ku musi wa gatatu uheze igenekerezo rya 30 Gitugutu 2019, umugwi Willem wo mu cicaro ca mbere muri Hollande ukinamwo umukinyi w’umurundi Ndayishimiye Mike Trésor wari wakiriwe n’umugwi Quick mu rukino rw’indwi ya 11 y’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Hollande urwo rukino rukaba rwarangiye Willem II inyagiye Quick ibitsindo 4-0

Muri ivyo bitsindo harimwo ibitsindo bitatu ( Hatrick) vya Mike Trésor aho igitsindo ca mbere yacinjije ku munota wa 2 ica kabiri ku munota wa 25 hama ica gatatu acinjiza ku munota wa 73 nayo ica kane cinjijwe n’uwitwa Gladon ku munota wa 77.

Twobamenyesha y’uko ugutsinda Quick ibitsindo 4-0 vyatumye umugwi Willem II uca ufata ikibanza ca 6 n’amanota 19 mu nkino 11 umaze gukina.

Must Read

Différentes vertus du psaume 08

0
Améliorer la confiance, attirer  les clients vers ton commerce Pour retrouver la confiance en soi Pour avoir une faveur dans les transactions commerciales    Contre les maladies des...