HomehomepageMavugo Laudit yaraye afashije Napsa Star gutsinda Kabwe Youth Academy

Mavugo Laudit yaraye afashije Napsa Star gutsinda Kabwe Youth Academy

Kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 09 Munyonyo 2019 isaha icumi 16h00 mu masaha yo mu Burundi ku kibuga ca Vidafone Stadium niho umugwi Napsa Star ukinamwo umusatirizi w’umurundi Mavugo Laudit wari wakiriye umugwi Kabwe Youth Academy mu rukino rw’indwi ya 10 y’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Zambia.

Urwo rukino rukaba rwarangiye umugwi Napsa Star wiragiye umugwi Kabwe youth Academies ibitsindo 3-0 ubifashijwemwo na Mavugo Laudit aho yinjije ibitsindo bibiri wenyene muri urwo rukino.

Igitsindo ca mbere catsinzwe n’uwitwa Collins Sikombe ku munota wa 6 w’urukino, Mavugo Laudit yinjiye mu kibuga ku munota wa 53 w’urukino yinjiza igitsindo ca kabiri ku munota wa 56 mugihe ica gatatu naco acinjiza ku munota wa 60.

Napsa Star ikaba yaciye ifata ikibanza ca kabiri n’amanota 21 mu nkino 10 imaze gukina.

- Advertisment -

Must Read

Hujali, la nouvelle chanson de Godas sera bientôt disponible.

0
Hujali est une nouvelle chanson du chanteur Godas Muhoza. Nous vous avons récemment informé de sa date probable de publication, mais la date réelle...