Fabelove yerekanye imidiho Sat-b na Lolilo bashoboye kuririmba, akanavuga ko aramutse ashatse Collabo nabo yoraba uwujanye n’ivyo ashaka.
Mu kiyago Fabelove yagiranye na Indundi TV, yabajijwe uwo yocagura hagati ya Lolilo na Sat-b muri Collabo, noneho yanka gucagura umwe.
Imvo y’ukudashaka kugira umwe acagura yavuze ko buri wese afise ivyashoboye mugenziwe adashoboye. Ngo mu gihe ashaka umwe yomuronderera mu gihe ashaka ico ashoboye.
Fabelove yavuze ko Sat-b ashoboye imidiho igenda ishika ku nyota abana, ngo aho akeneye iyimeze uko yomwikorako ngo bakorane.
Ariko Lolilo we ngo imidiho ashoboye ni iyo gusaza abantu, aho ngo niho ashobora nawe kumurondera, ataruko ngo ntiyomurondera.
Aho mukamenya ko bivurwa ko Fabelove adacana uwaka na mugenziwe Sat-b banasanzwe bava muri Quarter imwe. Hakaba hari n’indirimbo bivurwa ko yamuririmvyemwo naho we-Fabelove- abihakana.