5.5 C
New York
Thursday, April 15, 2021
Home Entertainment Bizos aranegura aba rappeur kuvyakorewe umuririmvyi mugenziwe B Face

Bizos aranegura aba rappeur kuvyakorewe umuririmvyi mugenziwe B Face

Bizos asanzwe akora umudiho wa Kiyago style Music inyuma y’ukuronka ikibondo akanyamuneza kakaba kari kenshi arababazwa cane n’ivyakozwe kuri mugenziwe.

Intandaro yavyose ni indirimbo Freestyle ya Taylo sixer aho yaririmvye avuga B Face ariko rw’ikibabaje kubwa Bizos ngo kuririmba umuririmvyi mugenzawe sibibi ikibabaje ni isanamu bakoreshejeje bimwe bita cover kuriyo ndirimbo aho bafashe isanama ya B Face baramubamba kumusaraba kurya babavye Yezu ngo ibi bikaboneka kuba umwinjiriye gose kumuririmba ngo atanzingo ntaco biba bitwaye muga kumushira kumusaraba ngo uba umwinjiriye gose mu buzima.

Bizos aciye kuri rwa rubuga rwa Facebook akaba yagize ati:”Kiyago style Music…Turaneguye cane uno muririmvyi aheruka gukora Cover nk’iyi gushira mugenziwe k’umusaraba nk’uku biboneka kw’ifoto. Uno muziki abatawuzi neza bibaza ngo harya umuririmvyi asohoye indirimbo avuga abandi canke abakosora ko aba abanka vyukuri haba haribwo no gutebura donc just gukebura ,gucokozana na blague zirimwo nta rwanko ruba rurimwo bimwe bita Beef. So kudisinga umuririmvyi ntakibazo kirimwo ariko ama cover nkaya aratyoza cane umuririmvyi nkuyu twese tuzi ko ari mu ba Rappeur bakora cane muri kino gihe. Murakoze karakagohe ngiriye nyene gukora ino ndirimbo nino cover itaryoshe kubona murakoze, Kiyago style music Forever.”.

Mwomenya ko umuririmvyi Bizos hamaze igihe kitari gito atariko arerekana ibikorwa vya Kiyago Music Style kuruhande rw’indirimbo nkuko yariyavuze ko abaye arabangira gato ariko ibindi bikorwa vyo muri Kiyago bizoguma bibandanya nawe akazogaruka munyuma.

Must Read

Différentes vertus du psaume 07

0
  Pour demander que les blocages au progrès  soient supprimés Une prière pour la protection et la justice de Dieu Faire face à des gens méchants et...