Big Fizzo na Bantu Bwoy yose ibazaniye igiteramo citiriwe BantuBwoy Concert ku ncuro yabo yambere igiye kubateramisha biciye mu giteramo babateguriye.
Inyuma y’ukuva mu karuhuko yamazemwo igihe kitari gito mu gihugu c’Ubutariyano n’ukutaboneka mu giteramo co mu gihugu kibanyi c’Urwanda bivuye kumvo y’uko uwo muryango wabuze umwe mu bavyeyi w’abagize uwo muryago wa Bantu Bwoy. Mwomenya ko ico giteramo kimenyekanye inyuma y’ukuvuga ko umwaka utazohera abakuzi b’umuziki batabonye ibindi bikorwa bishansha harimwo n’ugusohora indirimbo nshasha kuri batatu bagize umuryango wa Bantu Bwoys aribo Big Fizzo, Double Jay na Elly’s Boys ubu hakaba hongeweko igiteramwo kizobahuza bose uko ari bane hagati yabo kw’igenekerezo rya 14 Kigarama 2019. Ariko bikaba bitaramenyekana ko hoba harimwo n’abandi baririmvyi bazobaherekeza mw’ico giteramo.
Mwomenya ko amafaranga yokwinjira murico giteramo ataramenyekana ariko ikibanza co kikaba kimaze kumenyekana akazoba ari kuri Avenue de l’OUA – Tokyo Business Center(AMSAR).