HomehomepageGaël Bigirimana yaraye ahezagijwe ikibondo ca kabiri

Gaël Bigirimana yaraye ahezagijwe ikibondo ca kabiri

Kuri uyu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 28 Munyonyo 2019, niho umupfasoni w’umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Gaël Bigirimana yarara asimvye impanga Imana iracana.

Uyo muryango ukaba waraye uronse umwana w’umuhungu bamuha izina rya Eli Eliezer Gabriel Bigirimana.

Gaël Bigirimana akaba yari amaze ikiringo c’ukwezi kwose ari hafi cane y’umukenyezi wiwe n’umuryango wiwe muri ivyo bihe biba bitoroshe k’umuvyeyi.

Indundi Sports ikaba ikeje umuryango wa Gaël Bigirimana asanzwe ari icegera ca kizigenza w’intamba mu rugamba.

- Advertisment -

Must Read

Mwarabu ngo nta kantu yongera muri Rolex ziwe

0
Kuva ku mafaranga 30,000 fbu, uno musi akaba afise abakozi 10 ahemba, agaburira kandi anarihira aho baba, Gahungu David abatari bake bazi nka Mwarabu,...