5.5 C
New York
Sunday, April 11, 2021
Home abakinyi bakina hanze Hussein Tchabalala yaraye afashije Bugesera gutsinda Espoir Fc

Hussein Tchabalala yaraye afashije Bugesera gutsinda Espoir Fc

Hari ku muhingamo wo kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 01 Kigarama 2019 isaha icenda 15h00 aho umugwi Bugesera Fc wari wakiriye umugwi Espoir Fc mu rukino rw’indwi ya 11 y’ihiganwa ryo mu Rwanda, urwo rukino rukaba rwarangiye Bugesera Fc imenyereza n’umurundi Masudi Djuma yirahiye ibitsindo 2-0 Espoir Fc imenyerezwa n’umurundi Dodi.

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Hussein Shaban Tchabalala niwe yafashije Bugesera gutsinda uyo mugwi Espoir aho ivyo bitsindo bibiri vyose ariwe yavyinjije.

Igitsindo ca mbere akaba yacinjije Ku munota wa 10 w’igice ca mbere c’urukino mugihe icakabiri yacinjije ku munota wa 75 w’igice ca kabiri c’urukino.

Tchabalala akaba yaciye akwiza ibitsindo 9 mu nkino 10 zo mw’ihiganwa ryo mu Rwanda amaze gukina.

Must Read

Les Jumeaux Music Club : Apprendre comment devenir boss de soi-même

0
Au moment où le marché du travail devient de plus en plus rare et que certains lauréats des universités tant publiques que privées gardent...