5.5 C
New York
Saturday, January 23, 2021
Home homepage Cecafa Challenge Cup : Ikirangamisi c'inkino z'intamba mu rugamba zizokina

Cecafa Challenge Cup : Ikirangamisi c’inkino z’intamba mu rugamba zizokina

Mu gihe ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 07 Kigarama 2019 mu gihugu c’Ubuganda hategekanijwe kuzobera ihiganwa rya Cecafa Challenge Cup Senior y’imigwi nserukira gihugu ariho izoba itanguye, abajejwe gutunganya iryo higanwa bamaze guhindura ukungene imigwi izosangira amatsinda bivanye n’imigwi imwe imwe yiyomoye muri iryo higanwa nka Ethiopia, RD Congo hamwe na Soudan y’epfo.

Abatwara CECAFA Challenge Cup bakaba baciye bakora amatsinda abiri gusa ariyo A na B.

Intsinda rya A harimwo imigwi nka :

-Uganda
-Burundi
-Erithrea
-Somali
-Djibouti

Itsinda rya B naryo harimwo imigwi nka :

-Tanzania
-Soudan
-Kenya
-Zanzibar

Ikiranga misi c’inkino Uburundi buzokina akaba ari iki gikirikira :

-ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 7 Kigarama : Intamba zizokina n’Ubuganda

-Ku wambere igenekerezo rya 09 Kigarama : Uburundi buzokina na Erithrea

-Ku musi wa gatatu igenekerezo rya 11 Kigarama : Uburundi buzokina na Djibouti

– Ku musi w’imana igenekerezo rya 15 Kigarama : Uburundi buzokina na Somalia.

Must Read

Dj Bisoso yikuye mw’ihiganwa ry’ikiganiro the Choice yohuriyemwo na DJ Ira...

0
  Ikiganiro The choice gica ku mboneshakure Isibo  yo mu gihugu kibanyi c’Urwanda iriko irategura gutanga ubushimwe mu mice itandukanye y’ubuzima bw’umuziki muri ico gihuguc’Urwanda....