5.5 C
New York
Tuesday, January 26, 2021
Home homepage Cecafa Challenge Cup : Intamba zaraye zisezerewe

Cecafa Challenge Cup : Intamba zaraye zisezerewe

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 11 Kigarama 2019 niho umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba wakina urukino rwa gatatu rwa Cecafa Challenge Cup iriko ibera mu Buganda rwo mw’itsinda A n’umugwi wa Djibouti . Intamba mu rugamba zikaba zarasubiye gutakaza urukino rwa gatatu muri ayo mahiganwa ya Cecafa Challenge Cup zitsinzwe na Djibouti ibitsindo 2-1.

Djibouti niyo yatanguye gutsinda igitsindo ku munota wa 11 w’urukino gitsinzwe na Mahidi Hussein haciye iminota itatu ku munota wa 14 Landry Ndikumana yahavuye akigombora maze iyo migwi yose ibona kuja kuruhuka inganije igitsindo 1-1.

Mugice ca kabiri intamba mu rugamba zaragerageje gukina kugira zirabe y’uko zoronka ikindi gitsindo ariko birava biranka umugwi wa Djibouti niwo waciye uhava wironkera igtsindo ca Kabiri gitsinzwe n’urya nyene yari yatsinze igitsindo ca mbere ariwe Mahidi Hussein mpaze urukino rurangira Intamba mu rugamba zitsinzwe ibitsindo 2-1 .

Intamba zikaba zaraye zisezerewe ayo mahiganwa ya CECAFA Challenge Cup y’imigwi nserukira gihugu iriko ibera mu Buganda bivanye n’uko waraye ukwije inkino Zitatu zose udatsinze n’Urukino na rumwe .

Zikaba zisigaje urukino rumwe gusa n’umugwi nserukira gihugu wa Somalia urwo narwo naho intamba zorutsinda naco vyofasha.

Mukamenya y’uko kuva aho Intamba mu rugamba zitabiriye inkino za CAN 2019 nta rukino na rumwe ziratsinda.

Must Read

Platini ngo aronse ah’aca Shaddy Boo Ubwiza bwiwe ntiyobwitesha

0
  Platini yigeze kuba ari muri Dream Boys ngo ntaho yohera yanka kugiriranira imigenderanire y’urukundo na Shadia benshi bazi nka Shaddy Boo. Ivyo akaba aheruka...