5.5 C
New York
Thursday, January 28, 2021
Home homepage CECAFA Challenge Cup : Intamba zaraye zisubiye gutsindwa urukino rwa kane

CECAFA Challenge Cup : Intamba zaraye zisubiye gutsindwa urukino rwa kane

Umugwi w’intamba mu rugamba waraye usubiye kumaramarizwa mu Buganda mu gutsindwa urukino rwa kane rwa CECAFA Challenge Cup n’umugwi wa Somalia igitsindo 1-0.

Intamba mu rugamba zikaba zasezeye iryo higanwa rya CECAFA Challenge Cup zifise amanota 0 n’umwenda w’ibitsindo 4.

Gutsindwa kw’intamba mu rugamba vyatanguriye mu mahiganwa ya CAN 2019, aho Uburundi mu nkino zitatu wakinye zose wazitakaje, inyuma yaho Uburundi bwarasubiye burasezererwa na Tanzania butsinzwe kuma penariti 3-0 mu Rukino bwo guha uburenganzira bwo kuja mu matsinda yo kurondera itike yo gukina inkino z’igikombe c’isi c’umwaka wa 2022.

Mu kwezi kwa Munyonyo intamba mu rugamba zarakinye inkino zo kurondera itike yo kwitabira inkino za CAN 2021 zitsindwa na République Centre Africaine ibitsindo 2-0 i Bangui no gutsindirwa kandi i Bujumbura na Maroc ibitsindo 3-1.

Izindi nkino intamba yasezerewe ni izo nkino za CECAFA Challenge Cup aho zose yarazitsinzwe Ubuganda bukaba bwaratsinze Uburundi ibitsindo 2-1, Eritrea itsinda Uburundi igitsindo 1-0, Djibouti itsinda Uburundi ibitsindo 2-1 , mugihe Somalia yaraye nayo itsinze Uburundi igitsindo 1-0.

Twobibutsa ko kuva Uburundi bukinye na Somalia bwari bumaze gutsindwa rimwe n’ico gihugu ku musi w’ejo niho Somalia yakwije urukino rwa kabiri itsinze Uburundi.

Must Read

Francine Niyonsaba avuze rimwe baba barikosoye  

0
  Ubwo ibihejeje kuba hagati ya Francine Niyonsaba umunonotsi w’Umurundi na rimwe mu mashirahamwe y’ugutumatumanako amakuru, Econet, vyoba vyerekana ko hari iyindi ntambwe igiye guterwa...