homepageInkinokirundikirundi_Sports

Cedric Amissi yaraye ateturuye Al Taawaoun

Ku musi wa gatandatu uheze igenekerezo rya 14 Kigarama 2019 niho umugwi Al – Nassr wari waramutse wakira umugwi Al Taawoun mu rukino rw’indwi ya 11 y’ihiganwa ryo muri Arabie Saoudite, urwo rukino rukaba rwarangiye Al Nassr utsinze Al Taawoun ibitsindo 2-1.

Naho Al taawoun watsinzwe, umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Cedric Amissi yabateturuye mu kubatsindira igitsindo kimwe ku munota wa 19 w’urukino.

Mwomenya y’uko Al taawoun Fc ubu ubarizwa mu kibanza ca 6 hamwe n’amanota 19.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 279