5.5 C
New York
Friday, April 16, 2021
Home abakinyi bakina hanze Laudit Mavugo yaraye afashije Napsa Star gutsinda Kabwe Warriors

Laudit Mavugo yaraye afashije Napsa Star gutsinda Kabwe Warriors

Ku musi wa gatandatu uheze igenekerezo rya 14 Kigarama 2019, niho umugwi Kabwe Warriors wari wakiriye umugwi Napsa Stars ukinamwo umusatirizi w’umurundi Mavugo Laudit mu rukino rw’indwi ya 13 y’ihiganwa ryo muri Zambia, urwo rukino rukaba rwarangiye umugwi Kabwe Warriors utsinzwe na Napsa Stars ibitsindo 3-1.

Umugwi Napsa Stars niwo watanguye kwinjiza igitsindo ku munota wa 5 w’urukino cinjijwe na Collins Sikombe hama ku munota wa 15 Kabwe Warriors barakigombora biciye kuri Jimmy Ndhlovu haciye akanya gato Doisy Soko yinjirije Napsa Stars igitsindo ca kabiri ku munota wa 41 w’urukino igice cambere kibona kurangiye Napsa Star ifise ibitsindo 2 kuri 1 ca Kabwe Warriors.

Igice cakabiri gitanguye, umugwi wa Kabwe Warriors waragerageje gusatira igori rya Napsa Stars ariko birawankira Napsa Stars isubira kuronka igitsindo ca gatatu ku munota wa 65 gitsinzwe n’umusatirizi w’umurundi ariwe Mavugo Laudit.

Mukamenya y’uko Mavugo Laudit inkino za mbere atigeze azikina bivanye n’uko yari akitswe n’amagara.

Mu nkino 6 Mavugo amaze gukina amaze gutsindira umugwi wiwe wa Napsa Stars ibitsindo 3 vyonyene.

Must Read

Différentes vertus du psaume 08

0
Améliorer la confiance, attirer  les clients vers ton commerce Pour retrouver la confiance en soi Pour avoir une faveur dans les transactions commerciales    Contre les maladies des...