5.5 C
New York
Sunday, January 17, 2021
Home abakinyi bakina hanze Saido Berahino yaraye afashije Zulte Weregem kunyagira Sint-Truiden

Saido Berahino yaraye afashije Zulte Weregem kunyagira Sint-Truiden

Hari Ku musi wa gatandatu uheze igenekerezigenekerezo rya 14 Kigararqma 2019 aho umugwi Zulte Weregem ukinamiwo kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino wari wakiriye umugwi Sint Truiden mu rukino rw’indwi ya 19 y’ihiganwa ryo mu bubirigi Jupiler Pro, urwo rukino rukaba rwarangiye umugwi Zulte Weregem unyagiye Sint-Truiden ibitsindo 5-1.

Kizigenza w’intamba mu rugamba niwe yatanguye gutsindira igitsindo ca mbere Zulte Weregem ku munota wa 7 w’urukuno SintTruiden ku munota wa 34 w’urukino urakigombora biciye k’uwitwa De Bruyn igice ca mbere kirangira iyo migwi inganije igitsindo 1-1.

Binjiye mu gice ca kabiri Zulte Weregem waronse igitsindo ca kabiri ku munota wa 45 w’urukino cinjijwe na Govea asubira yinjiza ica gatatu ku munota wa 49 w’urukino ica kane ku munota wa De Fauw ku munota wa 54 w’urukino Sissako asunikiramo ica gatanu ku munota wa 92 urukino rurangira Zulte Weregem unyagiye Sint-Truiden ibitsindo 5-1.

Mukamenya y’uko rwari urukino rwa mbere Saido Berahino atangura mu kibuga kuva akize akaba yaciye akwiza ibitsindo 6 mu umugwi Jupiler Pro.

Must Read

Diamond ngo yari umwana w’umuzanano, bishoboka ko arico gituma atafashije uwo...

0
  Bwabundi ngo Diamond Platnumz n’umwana w’umuzanano, ngo s’uwa Mzee Abdoul Juma yarasanzwe azwi ko ariwe se amuvyara. Iyo ikaba ariyo nkuru igezweho muri ino...