5.5 C
New York
Tuesday, April 13, 2021
Home abakinyi bakina hanze Primus ligue : Yussuf Nyange niwe yatowe nk'umukinyi yaranze ukwezi kwa Munyonyo

Primus ligue : Yussuf Nyange niwe yatowe nk’umukinyi yaranze ukwezi kwa Munyonyo

Umukinyi wo hagati w’umugwi Aigle Noir The Fighters Youssuf Ndayishimiye Nyange niwe yatowe nk’umukinyi yaranze ukwezi kwa Munyonyo 2019 mw’ihiganwa rya Primus ligue.

Abakinyi 14 nibo bari batowe n’abamenyeshamakuru b’inkino bakurikiranira hafi ihiganwa rya Primus ligue Burundi kugira bahiganirwe ako gashimwe munyuma hasigaye abakinyi 3 gusa nabo baronse amanota menshi ku ruhande rw’abamenyeshamakuru yatumye bahiganirwa ako gashimwe akaba ari Youssuf Nyange yatwaye ako gashimwe, Iddy Muserem akinira Messager Ngozi hamwe na Hakizimana Issa wa Musongati Fc.

Aba nibo bakinyi 14 bari batowe n’abamenyeshamakuru kugira bahiganirwe ako gashimwe bakaba bagiye barushana amanota uku gukurikira :

1) Ndayishimiye youssuf Nyange (Aigle Noir) : Amanota 37

2) Iddy Muserem ( Messager ngozi): Amanita 18

3) Hakizimana Issa ( Musongati Fc) : Amanita 9

4) Elyphaz Ndayisenga ( Kayanza United ) : Amanita 8

5) Landry Ndikumana ( Kayanza United ) : Amanota 3

6) Eric Kwizera ( Olympic Star ) : Amanota 3

7) Temba Radjabu ( Messager Ngozi) : Amanota 3

8) Ndayishimiye Abdoul ( Athletico Olympic ) : Amanota 3

9) Rukundo Onesime ( Messager Ngozi ) : inota 1

10) Gakiza Aimé ( Flambeau du Centre ) : Inota 1

11) Ndizeye Eric ( Musongati Fc ) : inota 1

12) Raoul Vyamungu ( Bumamuru ) : inota 1

13) Massudi Narcisse ( Aigle Noir ) : Inota 1

14) Ndikumana Danny ( Athletico Olympic ): Inota 1

Amugwi w’abamenyeshamamuru watoye nawo akaba ari uyu ukurikira :

1) Elysée Niyubahwe ( Umuco FM)
2) Amidou Hassan ( Buja FM )

3) Mahoro Nadège ( RTNB)

4) Prosper ( Eagle Sport)

5) Kwizera Ismail ( Radio Isaganiro )

6) Irakozs Yves ( Radio Humuriza FM Gitega)

7) Billy ( Rema FM)

8) Raymond Prosper ( BETV)

9) Adam Baraguma ( Radio Nderagakura )

10) Ongwa Léa ( Star Fc – Gitega).

Munyuma y’aho abanyagihugu nabo nyene barahawe akaryo ko gutora umukinyi bipfuza babicishije kuri page Facebook ya Burundi Sports hamwe niya FFB

-Nyange akaba yaronse amajwi 1727

– Iddy Museremu aronka amajwi 1609

– Issa Hakizimana aronka amajwi 1545

Ishirahamwe rya Brarudi SA risanzwe ritanga ako gashimwe ribicishije ku kinyobwa Primus Burundi rizoca rimenyesha umusi rizomuherako ako gashimwe.

Must Read

Rayvanny aseseye agafu Harmonize mu kuvuga ko yashatse kurya inkoko n’amagi...

0
Mw’isezerano rya kera ku basanzwe bemera Bibiliya, hari ahavuga ko ukwihora birekuwe, bati n’ijisho ku rindi, na Rayvanny nawe nivyo yaraye akoze ku rubuga...