5.5 C
New York
Tuesday, October 19, 2021
Homeabakinyi bakina hanzeSaido Berahino yaraye ashikanye Zulte weregam mu gice 1/2 gishira ica nyuma

Saido Berahino yaraye ashikanye Zulte weregam mu gice 1/2 gishira ica nyuma

Hari kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 17 Kigarama 2019 aho umugwi Zulte Weregam ukinamwo kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino wari wahuye na Charleroi mu rukino rw’igice 1/2 gishira ica nyuma c’igikombe c’Ububirigi, urwo rukino rukaba rwarangiye Zulte Weregem utsinze Charleroi ibitsindo 2-0.

Kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino niwe yatanguye kwinjiriza igitsindo umugwi Zulte Weregam ku munota wa 48 mugihe ica kabiri catsinzwe na Larin ku munota wa 93.

Saido Berahino akaba yagarukanye inguvu zidasanzwe inyuma y’imvune yari amaranye indwi zishika kuri 4 adahonyoza ikirenge mu kibuga ivyatumye atagaragara mu nkino zibiri z’intamba mu rugamba zo kurondera itike yo kwitabira inkino za CAN 2021 aho bahuye na Centre Afrique hamwe na Maroc.

Twobibutsa y’uko no mu rukino ruheruka aho Zulte Weregem wanyagira Sint Truiden ibitsindo 5-1 Saido Berahino yashoboye gutsinda igitsindo kimwe muri urwo rukino.

- Advertisment -

Must Read

Meme Meili yavuze ku mafaranga yakoresheje muri “Arabesha”

0
Ya ndirimbo "Arabesha" ya Meme Meili ngo ntiyovuga ko Ariwe yayikoreye canke ngo Afise Management imufasha muri ivyo bikorwa vyiwe vy'umuziki, ariko ngo arafise...