HomeEntertainmentEster Nish ngo agiye gukorera ikintu gikomeye abakunzi biwe hamwe n’Imana

Ester Nish ngo agiye gukorera ikintu gikomeye abakunzi biwe hamwe n’Imana

Indirimbo ya Gospel kuri Ester Nish ngo niyo igiye gusozera uno mwaka inyuma y’indirimbo yaheruka gushira ahobona yise waradekonye aho ubona koyariko araririmba abo bose boba bakorera ikintu umuntu bakihinduka munyuma aho yahagaze cane murukundo.

Kubwa Estar Nish ngo umwaka ntiwohera adashimiye Imana na cane cane ko uwo mwigeme muri uno mwaka tugiye kurangiza yamukoreye ibitari bike. Amwe mu majambo azoba agize iyondirimbo akaba aza yamaze kumenyekana nk’uko tubikesha imbuga ziwe asanzwe akoresha.

“Iyo nibutse ko ntiremye nkibuka ko hari uwuduha inkomezi zokubaha yanesheje urupfu n’ukuzimu akagwana intambara ikomeye kubwanje n’ubu akingwanirira, mu mutima numva nuzuye ishimwe nkumva umunezero. Habw’icubahiro Mana muremyi wacu.”

Ayo akaba ari amwe mu majambo azoba ari mu ruririmbo nk’uko biboneka gushika ubu atarashima kuvuga izina ariko mu misi mike rugiye gusohorwa n’uwo mwigeme.

Mwomenya ko uwo mwigeme inyuma yo kuja muri Kenya agakora indirimbo Umbamwo arikumwe na musazawe Kidumu indirimbo twovuga ko ko arinayo yamwugururiye imiryago cane munyuma agahurumbirwa n’abantu batari bake aho yanakoranye indirimbo zitari nke n’abariko barakora muri uno mwaka tugiye gusozera wa 2019.

- Advertisment -

Must Read

Party Love ya Alvin Smith yamaze gushika ku mbuga zigurisha umuziki

0
EP ya Alvin Smith yiswe Party Love igizwe n'indirimbo zitari nke yakoranye n'abigeme gusa, yahavuye ishika ku mbuga zigurisha umuziki. Nkuko uwo muririmvyi yabishikirije ku...