5.5 C
New York
Sunday, January 24, 2021
Home abakinyi bakina hanze Bigirimana Issa yasavye Young African y'uko bovavanura

Bigirimana Issa yasavye Young African y’uko bovavanura

Ku makuru dukesha ikinyamakuru cegukira umugwi Young Aficans amenyrsha ko umukinyi w’umurundi akina mu mugwi Young Africans wo mu gihugu ca Tanzania Issa Bigirimana yandikiye ikete abarongozi b’uyo mugwi abasaba y’uko yohagarika amasezerano yari afitaniye n’uyo mugwi.

Ugukomereka kw’uuyo mukinyi no kudasubira guhabwa umwanya ukwiye mu kibuga biri muvyatumye uyo mukinyi afata ingingo yo guhagarika amasezerano yari afitaniye n’uyo mugwi.

Issa Bigirimana akaba yabwiye ico kinyamakuru y’uko arindiriye inyishu nyayo ivuye muri Young Africans baramutse bamwemereye azoca abona gusubira mu gihugu c’Urwanda.

Mukamenya y’uko Birigimana Issa yagiye muri Young Africans avuye mu mugwi APR Fc wo mu gihugu c’Urwanda.

Hano iwacu akaba yarakiniye umugwi wa LLBS4A hamwe n’umugwi wa Scorpion umenyerezwa na Wembo Sutche.

Must Read

Fiston Abdoulrazaq yavuze icatumye aja gukinira Yanga Africans amezi 6

0
Inyuma yo gushira umukono ku masezerano yo gukinira umugwi Yang Africans wo muri Dar es salaam mu kiringo c’amezi 6 Fiston Abdoulrazaq yashize ahabona...