5.5 C
New York
Saturday, April 10, 2021
Home homepage Abahagarikizi 3 b'abarundi bagiye guhagarikira urukino rwa Vita club na Esperence de...

Abahagarikizi 3 b’abarundi bagiye guhagarikira urukino rwa Vita club na Esperence de Tunis

Isaha c’umi na zibiri n’igice zo kumugoroba wo kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 8 Nzero 2020 niho abahagarikizi batatu mpuzamakungu b’abarundi bafata indege ibashikana i Kinshasa muri Repubirika iharanira demokarasi ya Congo mu ntumbero yo guhagarikira urukino rwo gusubiriza rwa CAF Champions league ruzohuza umugwi wa Vita Club hamwe na Esperence de Tunis.

Abo bahagarikizi b’abarundi akaba ari Pacifique Ndabihawenimana umuhagarikizi wo hagati , Emery Niyongabo azoba umuhagarikizi wo kuruhande hamwe na Gatogato George azoba umuhagarikizi wa kane. Uwundi muhagarikizi azokwifadikanya n’abo bahagarikizi wo kuruhande azoba ari umuganda yitwa Ockelo.

Urwo rukino rwa CAF Champions league rw’umusi ugira 4 mu nkino zo mu matsinda ruzohuza umugwi Vita Club na Esperance ruzoba kw’igenekerezo rya 11 Nzero 2020.

Mukibuka y’uko mu rukino rwo gutangura rwabereye muri Tunisie iyo migwi yompi yari yanganije 0-0.

Must Read

Les Jumeaux Music Club : Apprendre comment devenir boss de soi-même

0
Au moment où le marché du travail devient de plus en plus rare et que certains lauréats des universités tant publiques que privées gardent...