5.5 C
New York
Monday, January 18, 2021
Home homepage Aigle Noire yagurishije abakinyi babiri bari bakomeye muri uyo mugwi

Aigle Noire yagurishije abakinyi babiri bari bakomeye muri uyo mugwi

Iryavuzwe riratashe vyari vyavuzwe kuva mu mwaka wa 2019 y’uko umwanya n’umwanya abakinyi batatu b’umugwi Aigle Noir bashobora kwerekeza muri imwe mu migwi y’iburaya canke Afrika ivyanatumye bamwe mu bakinyi badakina inkino za CAF Total Champions league bari kumwe n’umugwi wabo Aigle Noire kumvo y’uko bari bafise imigambi yo kuja muyindi migwi ariko ntivyahavuye bikunda ico gihe.

Abakinyi ba Aigle Noire batatu bari bavuzwe y’uko bazokwerekeza hanze akaba yari Ndayishimiye Youssuf Nyange, Mabano Shabani hamwe na Cedric Titi Mavugo mugabo babiri nibo berekeje hanze mu gihugu ca Tiniziya.

Mabano Shabani akaba yerekeje mu mugwi wa Us Tatouine ukina mu cicaro cambere muri Tiniziya akaba yashize umukono ku masezerano yo gukinira uyo mugwi mu kiringo kingana n’imyaka 3.

Uwundi mukinyi ni umusatirizi Cedric Titi Mavugo nawe akaba yerekeje mu mugwi wa Stade Tunisien ukina mu cicaro ca mbere muri ico gihugu akaba yashize umukono ku masezerano yo kiwukinira mu kiringo c’umwaka n’igice.

Mwomemenya ko Mabano Shabani agiye muri uyo mugwi wa As Tatouine ahasanze uwundi mukinyi bigeze gukinana muri Aigle Noire ariwe Shaka Bienvenue.

Must Read

Umurundi Didier Touya agiye gukinira umugwi wa Mbeya City wo muri...

0
Umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania wamaze kugura umukinyi w‘umusatirizi w’umurundi Dider Touya yigeze gukinira umugwi LLBS4A. Didier Touya akaba agiye...