Uwahoze ari umugore wa Eddy Kamoso nawe ubwiwe bahukanye bigeze kure, kuko n’ivy’ukwicana vyari bimaze kwiyumvirwako, ariko guca bahitamwo gutandukana.
Eddy Kamoso ngo yarondeye akazi i Burundi avuye mu Rwanda kubera yari yanse kuzohava asanga akoze ikosa rizomutera kwicuza. Kuko be n’uwahoze ari umutambukanyi wiwe bari bageze ku rwego rw’uko umwe yokwica uwundi. Ivyo nivyo aheruka gushikiriza mu kiganiro Zoom in gikoreshwa na Gerard Mbabazi.
Muri ico kiganiro Kamoso yamenyesheje ko ariko arakora naho abantu ibikorwa vyiwe batabona. Ikivyerekana ngo nuko yabaye mu bagarukiye mu gice ca nyuma c’ihiganwa Kora Awards muri 2016.

Kamoso yakoranye na Rema Fm, hamwe na SMS Media naho atabitomoye icamutumye yahukana n’umugore harimwo n’ikibazo c’ibanga ry’abubatse, kuko kiri no muvyamukurikiranye bikamutera kudasubira guhabwa nirwere n’umuryango n’umwe muyo yagiye kuronderamwo uwundi mugeni.
Ivyo bikaba vyatumye nkuko yabandanije abiyagira Mbabazi abana n’umugore bidaciye mu buryo bakunze kuvuga ko ari ubwa gikirisu. Ariko akemeza ko uwo babanye imyaka 9, batarigera bashavuriranira n’isaha imwe, mu gihe uwo bahukanye batamaranye indwi 2, kandi bari bakundanye imyaka 3.
Muri ico kiganiro Kamoso akaba yanavuze ko yibaza ko icabitumye aruko ashobora kuba yari yikwegeyeko ibitari ivyiwe. Ivyo akabivuga yisunze ko uwo batabanye ubu afise uwundi mugabo kandi babanye amahoro, nawe bikaba ari uko.
Mwokwibuka ko Kamoso ari mu bamenyeshamakuru bakunzwe cane hano iwacu, kandi yongera anahakorera indirimbo zitari nke zakunzwe bikomeye, kandi zinafasha benshi.