5.5 C
New York
Saturday, July 24, 2021
Homeabakinyi bakina hanzeAlly Niyonzima agiye gukinira Rayon Sports

Ally Niyonzima agiye gukinira Rayon Sports

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 15 Nzero 2020 niho umukinyi Ally Niyonzima asanzwe ari mukuru wa Ngando Omar akina mu ntamba mu rugamba yashira umukono ku masezerano yo gukinira umugwi Rayon Sports wo mu gihugu c’Urwanda.

Yashize umukono wo gukinira uyo mugwi wa Rayon Sports mu kiringo kingana n’amezi atandatu (6).

Akaba agiye muri uwo mugwi Rayon Sports avuye mu mugwi Al Bashaer wo mu cicaro ca kabiri muri Oman.

Ally yakiniye imigwi itandukanye ya hano iwacu nka Academies Tchite , Athletico Olympic ; mu Rwanda akaba yarakiniye imigwi nka Mukura Victory Sports , As Kigali hamwe na APR Fc yongera akinira Al Bashaer wo muri Oman muri kino gihe akaba agiye muri Rayon Sports.

- Advertisment -

Must Read

Kurabira hamwe uko amafaranga ya Reta ariko arakoreshwa ni kimwe mu...

0
Kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 22 Mukakaro 2021 hatangujwe i Gitega ku murwa mukuru wa poritike umwihwezo w’abagize Reta y’Uburundi. Uwo mwiherero uzomara imisi...