Bangabandhu Gold Cup : Intamba mu rugamba zatsinze Seychelles

0
889


Kuri uyu wa gatandtu ihenekerezo rya 18 Nzero 2020 niho umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba waserukiwe n‘abakinyi ba Aigle Noir wakina urukino rwayo rwa kabiri n’umugwi nserukira gihugu wa Seychelles mu nkino z’igikombe ca Bangabandhu Golde Cup ziriko zibera mu gihugu ca Bangladesh, urwo rukino rukaba rwarangiye Intamba mu rugamba zitsinzs Seychelles ibitsindo 3-1.

Igitsindo ca mbere kikaba catsinzwe na Nshimirimana Jospin , mugihe icakabiri ni cagatatu vyatsinzwe na Tambwe Amissi.

Intamba mu rugamba zaciye zironka amahirwe yo gukina igice ca kabiri gishira ica nyuma (Semi- Final) c’iryo higanwa rya Bangabandhu Golde Cup.

Umugwi uzofata ikibanza ca kabiri mw’itsinda A niwo uzoca ukina igice ca kabiri gishira icanyuma n’Intamba mu rugamba ku musi wa kane igenekerezo rya 23 nzero 2020.