Entertainmententertainment Promotedhomepagemusicmuzik na wasanipromoted

Big Fizzo : “Nakoze ibiteramo Amerika n’i Burayi mugihe Sat-B atarakora igiteramo na kimwe haba no mu Rwanda”

Inyuma ya WHO’S THE BEST CONCERT hadutse amajambo afise ubumara bukaze bishobora kuduza irindi shusho mu muziki w’Uburundi.

Big Fizzo abicishije ku nsamirizi Buja Fm mukiganiro Sunday Viber ati :”Mfise indirimbo nyinshi zakunzwe (HITS Songs) n’ubu uzivugije abantu bakanezerwa izonakoze zikaba hit ni indirimbo zirenga 20 ucufata urabe uwo muntu muri kungereranya nawe umuririmvyi atarenza hits zitatu 3 kuva atangura umuziki.

Aho yabandanije ati :”Jewe ndi ntagereranywa hano jewe Sat-B ni mutoya wanje kandi arabizi uvuze jewe maze gukora ibiteramo mubihugu vyinshi kwisi none ni gute womfata ukanshira hamwe n’umuntu atarakora show n’imwe hano i BUKAVU basi uvuge ko yanakoze aho hafi mu RWANDA ?”

Ivyo vyose BIG fizzo yabivuga asa nk’uwugabisha uwumugereranya n’umuririmvyi uwariwe wese na canecane kubamugereranya na Sat-B kuko ataho we bahurira kandi atanuko bonangana mu muziki aho yakoresheje akarorero ka MICHAEL JACKSON na USHER canke MICHAEL JACKSON na JUSTIN BIEBER.

Inyuma y’iminota mike gusa Big Fizzo ashikirije ubwo butumwa abenshi haba mu bakunzi b’umuziki, mu banditsi n’abamenyeshamakuru ntibigeze bahuriza kur’ico kibazo c’uko Sat-b yoba afise Hits zitatu gusa kuko bamwe bavugira aho bari bati :”Uravye Sat-B kuva aho yahereye umuziki ntiwoja ngaho uvuge ko hits songs afise ari zitatu uvuze uko naho woba wirengagije ibikorwa yakoze aho yakora umuziki wahano iwacu ugoye mugihe umuziki w’Urwanda wari warabaye nk’aho ariwo muziki w’Uburundi aho hose Sat-B yararwanye kugira ngo agarure iteka ry’igihugu, abandi bakabandanya bibukanya ko haba Fizzo canke Lolilo atanumwe yariko arumvikana ico gihe aho bose bari mumahanga ariko urugamba Sat-B yariko ararwana ruheze bose baragarutse bakora umuziki  ari naho hatanguye ivyo kugereranya aba na bariya na cane cane aho Sat-B yatanguye kugereranywa na Big Fizzo gutyo Lolilo aba atanguye kwibagiranwa.”

Indundi Magazine imaze kubica irya nino yasanze hari vyinshi uwo muririmvyi yagiye arahengama aho twobibutsa nk’igihe  umuririmvyi Sat-B yarari mu gihugu c’Urwanda yarakoze ibiteramo bitari bike twovuga n’igiteramo gikomeye aho bazunguruka intara zose citwa Buja to Kigali Tour tutibagiye Launch ya album Iwacu yakoze mu bihugu bitatu arivyo Rwanda, Ouganda na Burundi aho umuntu atokwirengagiza nuko Sat B ubwiwe wenyene yavuze ko adashobora kuja mugiteramo ahabwa inticantikize kumvo zuko ibiteramo vyinshi bibera iburayi n’ahandi nka za AMERIKA tutigera tubona amasanamu kuko vyitabirirwa n’abantu imparurwa,ariko akiriko arakora kugira abanze aronke Diaspora yo mu karere aherereyemwo niyamara kuyifatisha abone kuja gukora ibiteramo mu mahanga.

Mwomenya ko izondirimbo Big Fizzo avuga kubwiwe ko arizo hit ni indirimbo Too Much, Feel Love na No Love, mu gihe umuririmvyi Sat-B ageze kuri Album zibiri amaze gusohora harimwo na album yakunzwe cane arinayo yamudugije cane album yise Inkuru yukuri. Ikindi mwomenya n’uko amakuru Indundi yahawe na Papa Lacosta Beach ngo iyo affiche Big Fizzo avuga ko bohindura izina ngo yakorewe muri Bantu Bwoy isanzwe irongowe n’uwo muririmvyi nyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 315