Inyuma y’aho umuririmvyi Big Fizzo arumiriwe ku nsamirizi Buja Fm agashikoriza amajambo abenshi bagiye bavugako vyishi, uno musi igenekerezo rya 21 Nzero naho harihatumiwe umuririmvyi Sat- B mukiganiro Hit Connexion.
Sat B :’’Natanguye umuziki bigoye naciye munzira nyinshi ndakora mugihe umuziki mvamahanga wariwatwinjiranye, indirimbo *inkuru y’ukuri* kuri jewe yamfashije vyinshi niyo yakuye abari mu mahanga bakaza ngo wa mu petit yafashe terrain.’’
Aho yabandanije ati : ”Big Fizzo hari ivyo ndamusumvya kera naramwubaha ariko ubu oya.”
Bamubajije bati « Big Fizzo yavuze ko mutoja kuri Stage imwe » nawe Sat B nawe ati : ‘’Nimba yavuze uko mbere haraho yavuze ivyaba JUSTIN BIEBER avuga ba MICHAEL JACKSON ati JACKSONyarapfuye. None ashaka kwigereranya nuwapfuye ? ».
Ayo akaba ari amwe mu majambo meshi yashoboye gushikiriza kuriyo radio.
Ikindi nuko yavuniye n’akagohe abaririmvyi bakiribato ngo bakwiye gukorana ingoga nibabona bakuru babasabe impanuro nayo babaciye intege ngo ntibazovyemere kuko uno musi Papa wiwe mu muziki ngo si Big Fizzo canke abandi ahubwo ni Amir pro ni Landry Mugisha.
Mwomenyako ico giteramo ngo kizoba ukuri kwamye isango ni ryarindi nyene igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2020 kandi murico giteramo abakunzi b’umuziki ndundi bazoshobora kubona abo baririmvyi babiri bose kuri Lacosta Beach.