5.5 C
New York
Thursday, October 28, 2021
Homeabakinyi bakina hanzeElvis Kamsoba yaraye afashije Melbourne Victory gutsinda Putra Samarinda

Elvis Kamsoba yaraye afashije Melbourne Victory gutsinda Putra Samarinda

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 21 Nzero 2020 niho umugwi wa Melbourne Victory ukinamwo umukinyi w’umusatirizi w’Umurundi Elvis Kamsoba wakira umugwi wa Putra Samarinda mu nkino zo mu majonjora agira kabiri (2ème Prelimiaire), urwo rukino rukaba rwarangiye umugwi wa Melbourne Victory unyagiye Putra Samarinda ibitsindo 5-0.

Igitsindo ca mbere catsinzwe n’uwitwa Basha ku munota wa 14 w’urukino, icakabiri cinjizwa ku munota wa 37 na Hope, ica gatatu n’uwitwa Kruse ku munota wa 59, Toivonen yinjiza ica kane ku munota wa 81 nayo ikigira gatanu cinjizwa na Elvis Kamsoba.

Mukamenya y’uko Kamsoba Elvis asanzwe ari umwe mu bakinyi ngenderwako muri uyo mugwi wa Melbourne Victory usanzwe ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Australia.

- Advertisment -

Must Read

SAT-B ngo yasabwe gukora arekane n’abavuga gusa

0
Abantu bahanuye Sat-b gukora gusumba kwishinga abavuga, ivyo bikaba bishikirijwe ku rubuga rwiwe Aho yariko amenyesha abantu ko Imana ariyo yamukuye mu bworo. uwo muririmvyi...