5.5 C
New York
Saturday, January 16, 2021
Home homepage Umutama w'imyaka 74 yaguzwe mu mugwi wo mu Misiri

Umutama w’imyaka 74 yaguzwe mu mugwi wo mu Misiri

Umugwi wo mu cicaro ca gatatu witwa 6th October Fc waguze umutama w’imyaka 74 azwi ku mazina ya Eez Eldin Bahder.

Nk’uko vyaraye bitangajwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amuguru muri Misiri  kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekereo rya 21 Nzero umwaka w’2020, iryo shirahamwe rivuga y’uko ryakiriye umukinyi wa mbere w’umutama nk’uwo mu mateka y’isi.

Nta masezerano yashizwe ahabona hagati y’uwo mutama Eez Eldin Bahder hamwe n’uyo mugwi wa 6th October Fc.

Twagerageje kurondera amateka y’uwo mutama n’imigwi yoba yarigeze gucamwo ariko ntitwashoboye kuyaronka cokimwe n’abanditse iyo nkuru mu Misiri. Ni inkuru tubandanya tubatohoreza.

Must Read

Moustapha Francis yaguzwe na Costa Union yo muri Tanzania

0
Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Nzero 2021, niho Umukinyi w’umurundi Moustapha Francis Njali yaguzwe n’umugwi Costa Union wo mu gihugu ca Tanzania,...