5.5 C
New York
Wednesday, July 28, 2021
HomeBurundiBangabandhu Gold Cup : Uburundi bwagiye muri Finale bunyagiye Bangladesh

Bangabandhu Gold Cup : Uburundi bwagiye muri Finale bunyagiye Bangladesh

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 23 Nzero 2020 isaha indwi z’umutaga (13h00) mu masaha ya hano iwacu niho umugwi nserukiragihugu w’Uburundi washoboye guserukirwa n’abakinyi ba Aigle watana mu mitwe n’umugwi nserukiragihugu wa Bangladesh mu rukino rw’igice 1/2 gishira ica nyuma c’ihiganwa rya Bangabandhu Gold Cup ririko ribera mu gihugu ca Bangladesh.

Uburundi bukaba bwanyagiye Bangladesh ibitsindo 3-0 ivyatumye bukatisha itike yo gukina urukino rwa nyuma arirwo finale n’umugwi nserukiragihugu wa Palestine ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 25 Nzero 2020.

Bikavugwa y’uko umugwi wa mbere uzotahukana amadorari y’abanyamerika ibihumbi mirongo itatu (30.000$), uwa kabiri ibihumbi mirongo ibri na bitanu (25.000$) mugihe uwa gatatu uzotahukana ibihumbi mirongo ibiri vy’amadorari y’abanyamerika (20.000$).

- Advertisment -

Must Read

Mbonyi asabwe kutaza I Bujumbura kubera kwibuka abanyamulenge bapfiriye mu Gatumba

0
Igiteramo ca Israel Mbonyi I Bujumbura ntikiriko kivugwako rumwe na bose ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye zirimwo iz’uwo muririmvyi asanzwe akoresha. Uwo muririmvyi asanzwe ava mu...