5.5 C
New York
Friday, January 15, 2021
Home abakinyi bakina hanze Saido Berahino yaraye afashije Zulte Weregem kunganya na Club Bruges

Saido Berahino yaraye afashije Zulte Weregem kunganya na Club Bruges

Hari kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 22 Nzero 2020 niho umugwi Zulte Weregem ukinamwo Kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino wari wakiriye umugwi Club Bruges mu rukino rwo gutangura rw’igice 1/2 gishira ica nyuma c’ihiganwa ry’igikombe c’Ububirigi, urwo rukino rukaba rwarangiye iyo migwi yompi inganije igitsindo 1-1.

Club Bruges niyo yatanguye kwinjiza igitsindo ca mbere biciye kuri Mats Rits ku munota wa 53 w’urukino munyuma kiragomborwa na kizigeza w’intamba mu rugamba Saido Berahino ku munota wa 59 w’urukino.

Saido Berahino kuva asubiriye mu kibuga abandanya yitwara neza mu kibuga mbere bikaboneka y’uko ashobora gufasha ibitari bike mu nkino zo kurondera itike yo kwitabita inkino za CAN 2021 aho Uburundi bwiteze gutana mu mitwe na Mauritania mu kwezi kwa 3.

Must Read

Cedric kaze , Vladmir hamwe na Saido baraye batwaye igikombe ca...

0
  Inyuma y’imyaka itatu umugwi Yang Africans udatwara igikombe na kimwe abarundi batatu aribo Cedric Kaze Umumenyereza Mukuru wa Yang Africans , Niyonkuri Vladmir hamwe...