5.5 C
New York
Monday, November 29, 2021
HomeBurundiCoupe de l'unité : Musongati igiye guhura na Messager Ngozi Aigle Noir...

Coupe de l’unité : Musongati igiye guhura na Messager Ngozi Aigle Noir nayo na Flambeau du centre

Ishirahamwe Fondation Pax Burundi risanzwe rifata mu mugongo umugwi Aigle Noir ryatunganije inkino z’igikombe c’Ubumwe bita mu gifaransa Coupe de l’unité.

Izo nkino zizokwitabirwa n’imigwi 3 iri mu kibanza ca mbere mw’ihiganwa rya Primus league hamwe na Aigle Noir bivanye n’uko iryo shirahamwe ryashoboye gutunganya izo nkino risanzwe aryo riwufashe mu mugongo.

Kuri uyu wa Mungu waraye uheze niho hakorwa itombola ukuntu iyo migwi izohura Musongati Fc ya mbere muri Primus league isanga yahuye na Messager Ngozi ifata ikibanza ca kabiri mugihe Flambeau du Centre ifata ikibanza ca gatatu izoca ihura na Aigle Noire.

-Igenekerezo rya 01 Ruhuhuma 2020:

Musongati Fc izohura na Messager Ngozi ku kibuga c’ingoma kiri mu ntara ya Gitega isaha icenda 15h00

Igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2020:

Aigle Noir izohura na Flambeau du centre ki kibuga ca Peace park Stadium kiri mu Ntara ya Makamba isaha icenda 15h00

Urukino rwa nyuma rwa Final rukazokinwa kw’igenekerezo rya 05 Ruhuhuma 2020.

- Advertisment -

Must Read

Preeze ngo yahebeye abandi muri Platform show awards 2021

0
Preeze ari mu gitigiri c’abaririmvyi bari bashizwe mw’ihiganwa rya Platformshowawards 2021 mu gice ca Hip Hop/Rap, ariko yasavye gukurwa muri iryo higanwa. Akoresheje urubuga rwiwe...