5.5 C
New York
Thursday, April 22, 2021
Home homepage Abakinyi ba Aigle Noir bakiriwe na Reveriyano Ndikuriyo

Abakinyi ba Aigle Noir bakiriwe na Reveriyano Ndikuriyo

Kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 27 Nzero 2020 niho abakinyi b’umugwi Aigle Noir hano iwacu bashika i Bujumbura inyuma yo gutsindwa na Palestina ibitsindo 3-1 mu rukino rwa nyuma rw’ihiganwa Bangabandhu Gold Cup ryari rimaze imisi ririko rirabera i Bangladesh.

Bahejeje gushika i Bujumbura baciye berekeza mu Ntara ya Makamba bakirwa n’uwashinze Umugwi Aigle Noir Reveriyano Ndikuriyo asanzwe arongoye Inama Nkenguzamateka ndetse n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB.

Ikibanza ca kabiri uwo mugwi watwaye catumye bahabwa ibahasha ry’amadorari ibihumbi 20000$ hamwe n’igikombe.

Aigle Noir ikaba ifise urukino rw’ikirarane rwa Primus league kuri uyu wa kane igenekerezo rya 30 nzero 2020 n’Umugwi wa LLB.

Must Read

Mvuyekure Emmanuel yaraye afashije KMC kunganya na Biashara United

0
Ku musi wa kabiri igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2021, Umugwi KMC ukinamwo Umukinyi w’umurundi Mvuyekure Emanuel wari wakiriye umugwi Biashara United mu rukino rw’indwi...