BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Ihuriro Tv ngo vyabafashe inguvu nyinshi kugira bagere ku barenga 100.000 babakurikirana

Ngabo hamisi ati urubuga rwa Ihuriro Tv nta mafaranga rwinjiza, kubera rukunzwe cane I Burundi kandi aho naho ata mafaranga bahinjiriza, aho ni mu gihe aheruka guhabwa agashimwe na Youtube kuba yakwije abamukurikirana bangana n’100.000 kuri urwo rubuga.

Mu kiyago yagiranye na Indundi Magazine, uwo musore avuga ko bitaboroheye kugira babashe gutangura, ariko ngo bagize Imana kuko baronse uwubafata mu mugongo(Manager) kugira babandanye ibikorwa. Ico ngo kikaba arico catumye bashikiriza Abakunzi b’urwo rubuga ama Comedie atandukanye.

Ngabo akaba avuga kandi ko naho bashikanye abarenga 100.000 ngo ntivyaboroheye kuko vyabafashe inguvu nyinshi. Ubu bakaba bariko bategura gutangura gutanga isanamu buri musi kuva ku musi wa 1 gushika ku musi wa 5.

Ivyo bakaba bashaka kubikora ngo bikunde umwaka wa 2020 uzorangire akandi gashimwe gatahutse I Burundi, ako kakaba ari ako baha abantu bakwije abantu 1.000.000 babakurikirana ku rubuga rwabo rwa Youtube.

Mwomenya ko urwo rubuga rwa Youtube rwa Ihuriro Tv, rumaze ikiringo kiri musi y’umwaka batanguye kurukorerako, kandi bakaba babaye aba 1 bahawe ako gashimwe I Burundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 597