5.5 C
New York
Monday, October 18, 2021
HomeBurundiNyemerera Remix niyo igiye guhuza Laurette TETERO na Sag Wise asanzwe arongoye...

Nyemerera Remix niyo igiye guhuza Laurette TETERO na Sag Wise asanzwe arongoye Rockstone Kingdom

Inyuma y’urugendo rumutwara muvyigwa aho asanzwe ari mu gihugu ca Chypres arabandanya gukora ibikorwa vy’umuziki aho ubona ko abandanya akora ivyiza naho atari hafi.

Aho aheruka kubaza abakunzi b’ibikorwa vyiwe uko bokwiyumva abakoreye akantu arikumwe na Mb Data ako yashoboye kugereranya n’isupu munyuma akabishira mu ngiro mugukora indirimbo imeze neza bise SIPIRIPIRI arabandanya aho ubona mur’iyi misi ya vuba  hashobora kuboneka ikindi gikorwa gishobora kuza mu yindi shusho y’umuziki wa TETERO bivanye nuwo bakoranye ico gikorwa asanzwe akora umudiho wa RAP.

Mukiyago yakoranye na Indundi ni Sag Wise abajijwe bimwe mubizoba bigize iyo ndirimbo canke amwe mu majambo azoba ayigize yishuye asubiza ati:

“Indirimbo NYEMERERA nk’uko mubizi iyaga urukundo umukobwa yashaka kwereka umuhungu yari yama yijiriwe kubwo kubura urukundo rw’uwo bari basanzwe barikumwe murugendo rw’urukundo.
Aho rero mwomenya ko NYEMERERA REMIX tugiye gusubiramwo na TETERO izosohoka aho izoba irimwo ayo majambo asanzwe ari mukarere ariko zizoba zitandukaniye kunyishu uwo muhungu nyene gusabwa akanya azokwishura uwo mwigeme.

Rero nagomba gusaba abakunzi b’umuziki w’Uburundi ko boyitega bakazoyakirana igishika kuko azoba ar’indirimbo iryoshe kandi yanditse neza.

Aho mwomenya ko Sag Wise asanzwe aba mugihugu ca Belgique ariko yemeza neza ko we na Team yiwe nabasanzwe bakorana mugufata amashusho (Video) bagiye kwerekeza mugihugu ca Chypres aho hasazwe hari uwo mwigeme TETERO kukugira ngo batange amasanamu ameze neza barikumwe.

- Advertisment -

Must Read

Meme Meili yavuze ku mafaranga yakoresheje muri “Arabesha”

0
Ya ndirimbo "Arabesha" ya Meme Meili ngo ntiyovuga ko Ariwe yayikoreye canke ngo Afise Management imufasha muri ivyo bikorwa vyiwe vy'umuziki, ariko ngo arafise...