“Hello Miami!” niyo majambo yari mu ndirimbo zari ziherekejwe n’ingoma hamwe n’inzamba.
Mu rukino rwari rurindiriwe cane rwa Super Bowl muri Amerika ejo ku wa Mungu, abaririmvyi rurangiranwa babiri Shakira hamwe na Jennifer Lopez bari barindiriwe n’abantu isinzi bitezwe muri ico gihe. Bwari bwo bwa mbere muri kahise k’urukino Super Bowl rurorerwa n’abantu benshi gusumba izinki nkino muri Amerika abaririmvyi babiri bompi bakomoka muri Amerika y’Epfo baririmba mu gihe c’akaruhuko.
Iryo higanwa ryabereye ku kibuga ca Hard Rock mu gisagara ca Miami c’intara ya Floride rikaba ryariko rihuza imirwi ya Kansas City Chiefs na San Francisco 49ers. Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru wa Amerika (NFL) rimenyesha ko urwo rukino rufise abafana bashika mu miliyoni 30.2 bakomoka muri Amerika y’Epfo canke bavuga ururimi rw’iki Espanyole, bakaba barengako imiliyoni zibiri ku bari bazwi mu 2017.
Imbere y’uko batangura ico giteramo, Jennifer Lopez yabwiye Shakira ati: “Reka twereke isi ico aba bakowa babiri bakomoka muri Americas y’epfo bashoboye”. Kuva bimenyekanye ko ivyo bihangange bizoririmba mu rukino rwa nyuma rw’iryo higanwa rigira 54 ry’umupira w’amaguru wa Amerika, rwabonetse ko ari rwo rukino rwa nyuma rukomeye ku ba nya Amerika y’Epfo. Wari umunezero urenze urugero inyuma y’aho ivyo bihangange mu muziki berekaniye ubuhinga bwabo kuri ico kibuga i Miami, aho baririmvye nyinshi mu ndirimbo zakunzwe cane.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru mu ndwi iheze, Shakira yari yavuze ko ico giteramo cari nk’umunsi mukuru uzoba ugizwe n’ukwerekana imico n’imigenzo bitandukanye”. Cabaye igiteramo herekaniwemwo imidiho itandukanye kuva kuri za Salsa, tukaja kuri za reggae, za hip-hop gushika mbere no ku midiho ifise inkomoko ya Afrika. Harageze igihe mbere baririmbira hamwe zimwe mu ndirimbo zabo zabiciye bigacika, harimwo na ya ndirimbo Waka Waka ya Shakira yafatwa nk’indirimbo ndanga mahiganwa y’igikombe c’isi yose yo mu 2010.
Muri ico giteramo baboneyeko no kwibuka umukinyi w’umupira w’amaboko Kobe Bryant yapfuye mu ndwi iheze mw’isanganya rya kajugujugu ari kumwe n’umukobwa wiwe n’abandi bantu batanu. Imbere y’uko kiba, Lopez yamenyesheje ko yari yamye yipfuza kwibuka uyo munonotsi kuva umukunzi wiwe Alex Rodriguez amumenyesaheje ivyari bihejeje gushika.
“Nari mu myimenyerezo nsubiramwo indirimbo igihe Alez aje kundaba akorora amosozi, ambwira ati: ‘Ntushobora kwibaza ibintu bihejeje gushika’. Ntiyavyumva”. Ati: “Ndibaza ko ivyashitse bikorako benshi kuko bitwibutsa ingene ubuzima ari amazi aseseka ntibayore”.
Hasigaye amasaha makeya ngo ihiganwa ritangure, abo baririmvyo Shakira na Jennifer Lopez babanje guhanahana ubushimwe batsindiye. Hari haciye imyaka itari mike iyo mikono yakira abaririmvyi rurangiranwa nka ba Michael Jackson , Justin Timberlake canke Lady Gaga imbere y’uko uno mwaka iryo higanwa riterwa iteka n’abo baririmvyi bakomoka muri Colombia na Porto Rico.
Umuririmvyi akomoka muri Amerika y’Epfo yaheruka guterwa iryo teka ni Gloria Estefan, yatanguye mu 1992 asubira mu 1999.