homepagekirundi_Sports

Saido Berahino yaraye afashije zult weregem kunyagira Waasland- baveren

Hari kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 2 nzero 2020 , aho Umugwi Zulte weregem wari wakiriye Umugwi wa Waasland Baveren mu rukino rw’indwi ya 24 rw’ihiganwa ryo mu Bubirigi Jupiler pro .

Urwo rukino rukaba rwaraye rurangiye Zulte Weregam Unyagiye Waasland – Baveren ibitsindo 5-0.

Igitsindo cambere kikaba cinjijwe na Saido Berahino Ku Munota wa 16, Icakabiri cinjizwa na De fauw ku munota wa 21, J Vossen yinjije bibiri ku munota wa 43 hamwe na 65 mugihe ica Gatanu cinjijwe na Bruno ku munota wa 78.

Saido Berahino akaba yaciye akwiza ibitsindo 6 muri iryo higanwa.

Zulte weregem ukaba waciye urara mu kibanza ca 7 n’amanota 34 mu nkino 24 umaze gukina

What's your reaction?

Related Posts

1 of 260