Urutonde rw’abakinyi b’intamba rwasohowe hataragera

0
3056

Umumenyeshamakuru Steeve Derick yashize ahabona urutonde rw’abakinyo 23 b’intamba mu rugamba bagiye kwitegurira inkino 2 za Mauritanie zizoba mu kwezi kwa gatatu hagati y’amagenekerezo ya 23 na 31 Ntwarante 2020.

Abakinyi 23 bazohamagarwa akaba ari aba bakurikira .

1) Nahimana Jonathan 2) Mutombo Fabien 3)Nduwarugira Christophe 4) Nsabiyumva Fréderic 5) Nshimirimana David 6) Mouss Omar 7) Ramadhan Diamant 8) Duhayindavyi Gael 9) Bigirimana Gael 10) Amissi Mohammed 11) Shaban Hussein 12) Sabumukama Enock 13) Bimenyimana Bon Fils Caleb 14) Abdoulrazzaq Fiston 15) Saido Berahino 16) Amissi Cedric 17)Ndayishimiye youssuf Nyange 18)Massud Narcisse 19)Rukundo Onesime 20) Ndikumana Asman 21) Nshimirimana Jospin 22)Ndizeye Eric 23)Nzeyimana Jean batazira Johainy

Urwo rutonde umumenyeshamakuru Steeve Derick amaze kurushira kurubuga ngurukababumenyi Facebook yaciye yandika ati ” NB Urutonde rugizwe ibanga naho rumaze gutangarizwa abakinyi.”

Twashoboye kubaza umwe mubari muri Staff y’intamba mu rugamba yatubwiye y’uko urwo rutonde ari urutonde mfatakibanza kuko umwanya n’umwanya rushobora guhinduka bivanye n’umukinyi ashobora gukomereka agasubirizwa.

Icatanganje n’uko yabwiye Indundi Sports y’uko bariko bakora amatohoza kugira bashobore kumenya umukinyi yoba yahaye Steeve Derick urwo rutonde bivanye n’uko urwo rutonde rwari muri group ya WhatsApp y’abakinyi b’intamba mu rugamba gusa.