5.5 C
New York
Saturday, April 10, 2021
Home Burundi Ngo vuba zigiye gutangura gutangirwa hagati mu gihugu

Ngo vuba zigiye gutangura gutangirwa hagati mu gihugu

Mu kiganiro umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Petero Nkurikiye yagiraniye n’abanditsi hamwe n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 7 Ruhuhuma 2020, yamenyesheje ko kuva ubu urupapuro rwemeza ko umuntu adakurikiranwa n’ubutungane bakunze kwita”extrait du casier judiciaire” ngo rugiye gutangura gutangirwa mu ntara hagati mu gihugu.

Muri ico kiganiro nyene, Petero Nkurikiye yaboneyeho kumenyesha ko abacumise umunyagihugu yarasanzwe arongoye imbonerakure muri Jabe bataramenyekana kandi bataramenya ico bamuhora ariko akemeza ko amatohoza abandanya.

Petero Nkurikiye yerekanye kandi umugabo yafatanwe udutu 243 tw’ikiyayuramutwe bita Mira canke Mirungi kizwi cane mu bihugu dusangiye akarere nka Tanzaniya, Ubuganda, Kenya hamwe no muri Somaliya.

Yamara n’aho bimeze uko, uwo mutegetsi amenyesha abarundi n’amakungu ko n’ubwo haza haribonekeza ubugizi bwa nabi umutekano w’abanyagihugu n’ivyabo ngo wifashe neza muri rusangi.

Must Read

Les Jumeaux Music Club : Apprendre comment devenir boss de soi-même

0
Au moment où le marché du travail devient de plus en plus rare et que certains lauréats des universités tant publiques que privées gardent...