5.5 C
New York
Thursday, January 21, 2021
Home homepage Fiston Abdoulrazzaq yamaze kwemererwa gukina muri ENPPI

Fiston Abdoulrazzaq yamaze kwemererwa gukina muri ENPPI

Kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 10 Ruhuhuma 2020, ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu Misiri ryarabandanije, umugwi ENPPI ukinamwo umusatirizi w’intamba mu rugamba Fiston Abdoulrazzaq warashoboye kunganya 0-0 n’umugwi wa Tanta Fc .

Rikaba ari irya mbere Fiston Abdoulrazzaq agaragara ku rutonde rw’abakinyi 18 NPPI yifashisha inyuma yo kumara amezi atandatu yose adahonyoza ikirenge mu kibuga mu nkino z’ihiganwa ryo mu Misiri bivanye n’ibibazo yari afitaniye n’umugwi wa JS Kabylie wo mu gihugu ca Algerie bivugwa y’uko yahagaritse amasezerano nawo kumvo z’uko bari bamuharaniye umushahara wiwe wamezi ataru.

Ikaba ari inkuru nziza Ku bakunzi b’uyo musatirizi ndetse no Ku mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba bivanye n’uko uyo mukinyi n’umwe mu bakinyi b’intamba amaze gukora amateka abandi batarakora Aho yigeze kirangiza inkino za gukurakuranamwo za CAN 2019 ari mu kibanza ca kabiri Ku basatirizi batsinze ibitsindo vyinshi.

Must Read

Abagizi ba nabi 3 berekanwe n’igiporisi c’Uburundi

0
Igiporisi c'Uburundi cerekanye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Nzero 2021, abagizi ba nabi bafadikanije n’umugore wa nyakwigendera kubwicanyi bwabaye mwijoro ryo kuwa 24...