5.5 C
New York
Monday, January 18, 2021
Home homepage Thilo Kehrer yashinze ishirahamwe ryo gufasha urwaruka

Thilo Kehrer yashinze ishirahamwe ryo gufasha urwaruka

Ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 10 Ruhuha 2020, niho ikimenyeshamakuru RCM Sports camenyesha ko umukinyi w’umugwi wa PSG wo mu cicaro ca mbere mu Bufaransa Thilo Kehrer yatanguje ishirahamwe yise Thilo Kehrer Foundation rizofasha urwaruka rwo mu Burundi ruzoba rwahejeje amashure akazohora arufasha kubijanye no kuronka inyigisho zizotuma urwo rwaruka gwikorera imigambi hamwe no kurufasha ntirugume rurera amaboko.

Muri ivyo birori vyo kwugurira icese iryo shirahamwe Tylo Kahrer Foundation vyari vyabereye mu gihugu c’Ubufaransa yari yaherekejwe n’abagenzi biwe basanzwe bakinana mu mugwi wa PSG nka Marquinhos , Julian Draxler , Eric Maxim chupo- Moting.

Muri abo bagenzi biwe bakinana baranamwemereye kumufasha kwegeranya uburyo bwo gukoresha muri uwo mugambi.

Tylo akaba yavuze y’uko uwo mugambi azowutanguza muri uyu mwaka wa 2020.

Tylo Kehrer afise umuvyeyi (nyina) w’umurundikazi nayo se wiwe ni umudagi.

Must Read

Umurundi Didier Touya agiye gukinira umugwi wa Mbeya City wo muri...

0
Umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania wamaze kugura umukinyi w‘umusatirizi w’umurundi Dider Touya yigeze gukinira umugwi LLBS4A. Didier Touya akaba agiye...